ZigaForm version 6.1.2

Actualités Récentes

Ubutumwa bw’Umuserukizi w’Uburundi i Kinshasa, Ambasaderi Agricole MWAMBA NTIRAMPEBA K’umunsi wo kwibuka Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Incungu y’ukwikukira kw’Uburundi.

Bavukanyi, Bashingantahe/Bagabo namwe bapfasoni musanzwe muba muri Repuburika Iharanira Demokarasi ya Congo, Ndabaramukije Amahoro. Aho muri hose mwumve ko turi kumwe kandi ko ikiganza c’Imana kidukikiye. Ndabandikiye ndabipfuriza kwibuka uyu musi,ndanabipfuriza gufatana mu nda;kugiranira ubumwe,iragi twasigaranwe n’Incungu y’Ukwikukira kw’U-Burundi,Umuganwa RUDOVIKO RWAGASORE. Tukaba tumwibuka uyu musi. Ni harambe iteka n’itekane, Amahoro,Ibikorwa n’Amajambere. Murakoze. Umuserukizi w’Uburundi i Kinshasa Ambasaderi Agricole MWAMBA NTIRAMPEBA

Lire Plus »